Uko wahagera

Abasivile 16 Barishwe mu Gisagara ca Beni mu Buraruko bwa Kongo


Amashirahamwe ahararanira uburenganzira bw’abanyagihugu muri Republika ya demokrasi ya Kongo yatangaje uno musi ku wa gatanu ko abasivile bagera kuri 16 bishwe mu bwicanyi bushasha bwabereye hafi y’igisagara ca Beni mu buseruko bw’igihugu.

Ubwo bwicanyi bwagirizwa umurwi witwaje ibirwanisho, “Allied Democratic Forces”, ADF mu mpfunyapfunyo. Ubwo bwicanyi bwabaye ku musi wa kane mu buraruko bw’igisagara ca Beni muri zone ya Mbau.

Umuvugizi w’urunani rw’amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu mur’ako karere, Jamal Moussa amenyesha ko ibiziga vy’abantu 16 vyatowe ku muhingamo wo ku musi wa kane.

Ubwo bwicanyi bwabaye izuba riva bwakozwe ku banyagihugu baba mu mihana y’ahitwa Mantumbi.

Igisirikare ca Kongo ntikiremeza icese amakuru yerekeye ubwo bwicanyi. Igisirikare ca Kongo n’inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyaratangaje ingingo n’ibikorwa vya gisirikare mu karere ka Beni ku mirwi yitwaje ibirwanisho harimwo umurwi ADF.

Muri rusangi abasivile barenga 100 barishwe kuva mu kwezi kw’icumi na rimwe mu bitero vyegekwa ku barwanyi b’umurwi ADF. Uyu murwi, ufite ibirindiro vyawo muri Kongo, urwanya ubutegetsi bwa Uganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG