Uko wahagera

Kenya Yiyemeje Kugumiza Inteko Zayo muri AMISOM


Abasirikare ba Kenya muri Somaliya (AMISOM).

Perezida wa Kenya ashikiriza ko inteko ziwe zizoguma mu murwi w’abasirikare b’ubumwe bwa Afrika muri Somaliya kandi bazovayo ico gihugu gitekanye.

Ivyo Perezida Uhuru Kenyata abishikirije mu gihe abasirikare ba Kenya bari mu mirwano ikomeye mu bice vya Somaliya kubwo gushigikira reta ya Jubaland, iyo reta ya Somaliya yanse kwemera.

Kenya cabaye igihugu conyene mu karere cemeye ivyavuye mu matora yongeye guha Ahmed Madobe iyindi manda y’imyaka ine ku butegetsi. Reta ya Somaliya itegekanya ayandi matora muri iyo reta ya Jubaland.

Kenya yarungitse inteko zayo muri Somaliya mu 2011 kwirukana umuhari w’iterabwoba al-Shabab no gukingira imbibe zayo ibitero vy’iterabwoba vy’uwo muhari. Inyuma y’amezi, yaciye yiyunga n’inteko z’ubumwe bwa Afrika za AMISOM.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG