Uko wahagera

Bombe Yahitanye Abasivile Bashika 15 muri Afuganistani


Abajejwe umutekano muri Afuganistani ahabereye igitero mu ntara ya Kunduz

Bombe yatezwe mw’ibarabara mu buraruko bwa Afuganistani yarasambuye imodokari y’umusivile kuri uyu wa gatatu ku mugoroba, yica abantu bashika 15 abandi babiri barakomereka.

Umuvugizi mu bushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati yagiriza Abatalibani guteka iyo bombe mu ntara ya Kunduz.

Abategetsi b’iyo ntara bavuze ko mu bapfuye harimwo abagore n’abana, bari bagiye mu bugeni muri distrikte ya Imam Sahib, ahabera imirwano ikomeye hagati y’abatalibani n’abasirikare ba reta.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatohoje abasivile bashika ku 2600 bamaze gupfa mu mezi icenda ya mbere y’uyu mwaka, abandi 5600 barakomereka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG