Uko wahagera

Turukiya n'Amerika Bashobora Gushiranako?


Perezida Donald Trump na mugenzi we wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan mu mubonano muri perezidanse y'Amerika, White House.
Perezida Donald Trump na mugenzi we wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan mu mubonano muri perezidanse y'Amerika, White House.

Turukiya na Reta zunze ubumwe z’Amerika Icuka si ciza mu gihe ibinyamakuru muri Turukiya bishikiriza ko iki gihugu kiriko kiragerageza indege y’Uburusiya ikoresha ubuhinga bwo kuzibira ibitero vy’izindi ndege.

Ibi biba mu gihe Amerika igabisha ko ishobora gufatira ibihano Turukiya.

Kubona Turukiya yaraguze ubwo bwoko bw’indege zifise ubuhinga bwiswe S-400 ni kimwe mu bishobora gutera amahane n’Amerika, ivuga ko ubwo buhinga bubangamiye inteko za OTAN.

Umwe mu bategetsi mu bushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu yashikirije ko Turukiya ishobora gufatirwa ibihano mu gihe itosubiza izo ndege Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG