Uko wahagera

Abasirikare Babiri b'Amerika Barapfuye muri Afuganistani


Kajugujugu y'Amerika iguruka mu kirere i Kabul, muri Afghanistani.
Kajugujugu y'Amerika iguruka mu kirere i Kabul, muri Afghanistani.

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika cavuze kuri uyu wa gatatu ko abasirikare babiri babo bapfiriye mw’isanganya rya kajugujugu yakorotse muri Afuganistani.

Icateye iryo sanganya kiracatohozwa, ariko raporo za mbere zerekana ko ata cerekana ko iyo kajugujugu yarashwe, nkuko igisirikare c’Amerika gishikiriza.

Ibiharuro vya nyuma kugeza ubu, abasirikare b’Amerika bamaze gupfira muri Afuganistani uyu mwaka bashika 18.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG