Uko wahagera

Interinet Yahagaritswe muri Irani ku Musi Ugira Gatatu


Abari mu myiyerekano muri Irani

Abategetsi muri Irani barahagaritse umuhora wa internet, ku musi ugira gatatu, mu guhasha imyiyerekano yiyamiriza reta imaze guhitana abantu bashika ku munani kuva itangura ku musi wa gatanu.

Iyo myiyerekano yatanguye ari uko reta idugije ibiciro vy’ibitoro ku bice 50 kw’ijana ku musi wa gatanu.

Reta yisigura ivuga ko amahera azova mur’iryo duza ry’ibitoro azofasha imiryango ikenye mu gihugu.

Umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire Mike Pompeo, amenyesha ko Amerika yiyamiriza ubwo bwicanyi bukorwa n’ubutegetsi bwa Irani, ahamagarira reta gusubiza abanyairani uburenganzira bwo gukoresha internet.

Irani ibicishije ku muvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire yamusubije avuga ko Amerika ataco ifise ivuga na nyaburya ngo ariyo ifatiye mu mugongo abanyairani mu bihano vy’ubutunzi bibasinzikaje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG