Uko wahagera

Isirayeli na Palestina Bahonyanze Agahengwe k'Intambara


ibitero vya roketi ziva muri Gaza zigwa muri Isirayeli

Agahengwe ko guhagarika imishamirano kari kumvikanyweko hagati ya Isiraheli n’abarwanyi b’abayisilamiste muri PalesItina kamaze guhonyangwa mu masaha 24 gusa.

Igisirikare ca Isirayeli cashikirije ko casubiye kugaba ibitero vy’indege i Gaza mu gatondo ka kare kuri uyu wa gatanu mu kwihora igisasu ca roketi catewe na palestina.

Ako gahengwe kumvikanywe inyuma y’imisi ibiri y’intambara zahitanye abanyepalestina 32. Nta basirikare ba Isirayeli bavuzwe ko bahasize ubuzima.

Intuma ya ONU muri ako karere, Nickolay Mladenov, yashikirije ko Misiri na ONU bariko bakorera hamwe kugira bakinge intambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG