Uko wahagera

Turukiya Yirukanye Umunyamerika Yarwaniye ISIS


Abarwanyi ba ISIS batwawe nk'imbohe mu bumanuko bwa Manbij, muri Aleppo muri Siriya, Itariki 31/05/2016.
Abarwanyi ba ISIS batwawe nk'imbohe mu bumanuko bwa Manbij, muri Aleppo muri Siriya, Itariki 31/05/2016.

Igihugu ca Turukiya cakuye mu gihugu caco umunyamerika hamwe n’umunyadanemark barwanye ku ruhande rw’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu. Ni mu mugambi wo gutahukana iwabo abarwanyi bose b’abanyamahanga bapfungiwe muri Turukiya.

Umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu, Ismail Catakli ntiyatangaje imyidondoro y’abo babiri bahoze ari abarwanyi birukanwe kuri uyu wa mbere. Ariko yavuze ko umudagi nawe ashobora kurungikwa iwabo kuri uyu wa mbere nyene.

Yavuze kandi ko Turukiya ishobora kandi kuzokwirukana abandi badagi icenda, abafaransa 11 hamwe n’abo muri Irlande babiri.

Ibi bibaye haheze indwi nkeyi umushikiranganji wa Turukiya w’intwaro mu gihugu avuze ko Turukiya atari “Ihoteri” y’abarwanyi b’umuhari wa reta ya kiyisilamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG