Uko wahagera

Icuka Kibi Hagati y'Abanywanyi b'Imigambwe CNDD-FDD na CNL


Perezida Pierre Nkurunziza na Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL
Perezida Pierre Nkurunziza na Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL

Kuva ku musi wa kane w’iyi ndwi, hari icuka kitameze neza muri Komine Butihinda, intara ya Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abo umugambwe CNDD FDD urongoye igihugu, nk’uko amakuru ava muri iyo komine yabibwiye Ijwi ry’Amerika.

Vyatanguye inyuma yaho hiciwe umukuru w’agacimbiri kitwa Cagizo muri iyo komine ya Butihinda.

Bamwe mu banyagihugu bemeza ko ubu abanywanyi b’iyo migambwe ibiri basa n’abacungana canke barabana ku kajisho.

Nyakwigendera yarazwi kw’izina rya Soter yari umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD. Yishwe anizwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo ku musi wa kane ariko arataha yegereje i muhira i we.

Bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNL bikekwa ko aribo bakoze bongera barafasha gushira mu ngiro ubwo bwicanyi.

Mbere batanu muribo baramaze gutabwa muri yompi.

Zimwe mu ndongozi z’umugambwe CNL zivuga ko ifatwa ry’aba bantu batanu ari inyendamuvano yo gushaka gukumira uwo mugambwe n’abayoboke bawo muri kino gihe himirije amatora.

Mu ntara ya Muyinga, kuva mu kwezi k’umunani uyu mwaka haramaze kuvugwa imishamirano akatari gake hagati y’abanywanyi b’imigambwe CNL na CNDD FDD.

Mw’ijoro ryo kuwa 18 uko kwezi, abanywanyi b’umugambwe CNL muri komine Muyinga bategerewe n’abantu bitwaje imipanga n’amahiri, umwe muri bo aricwa, abagera kuri 8 barakomereka. Ico gihe bari bavuye mu birori vyo kugurura ingoro y’umugambwe ku rwego rw’intara.

Indongozi z’umugambwe CNL zageretse icaha ku rwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi.

Kw’itariki ya 8 ukwezi guheze, bane muri urwo rwaruka bahanishijwe na sentare nkuru ya Muyinga umunyororo w’ugufungwa ubuzima bwose. Yabagirije kuba baragize uruhara mw’izimanganirizwa ubuzima ry’uwo munywanyi wa CNL.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG