Uko wahagera

RDC: Abanyagihugu Barahunga Intambara muri Beni


Imiryango iririra abayo bishwe n'abarwanyi ba ADF mu ntara ya Beni.
Imiryango iririra abayo bishwe n'abarwanyi ba ADF mu ntara ya Beni.

Ibihumbi vy’abanyagihugu bahunze intambara mu ntara ya Beni mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Congo aho abasirikare ba reta bari mu ruhigi rw’abarwanyi bo mu muhari wa ADF wamuka muri Uganda, nkuko ababona iyo mirwano babivuga.

Guly Gotabo wo muri sosiyete civile muri Ituri avuga ko impunzi zihunga ziva muri Beni muri Kivu y’uburaruko bahungira mu ntara ya Ituri.

Intara ya Beni ni akarere kabamwo ubwicanyi bwegekwa ku barwanyi ba ADF mu kiringo c’imyaka itanu. Ubwicanyi buheruka bwabaye ku musi wa gatatu aho abasivile 10 bishwe n’abo barwanyi nyene ku birometero 60 mu buraruko bwa Beni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG