Uko wahagera

ONU Iratabariza Cuba


Abanyagihugu batondeye ibitoro i Havana, muri Cuba.

Ibihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyashigikiye ku bwinshi ikurwaho ry’ibihano vy’ubutunzi, ubudandaji bimaze imyaka 60 Amerika yarafatiye Cuba.

ONU yemeje kuri uyu wa kane ko ivyo bihano ari vyo bizingamitse iterambere ry’ubutunzi n’imibano muri Cuba.

Mu myaka 28 iheze, ONU yamye buri mwaka itora kandi yemeza ko ivyo bihano vyashizweho mu 1962 bikwiye kuvanwaho ariko kongere y’Amerika ni yo yonyene ifise ububasha bwo kubihagarika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG