Uko wahagera

Amerika Hari abo Ikeka Kuzohungabanya Amatora mu 2020


Abategetsi barongoye ibigo bijejwe umutekano muri Amerika, muri Sena bishura ibibazo.
Abategetsi barongoye ibigo bijejwe umutekano muri Amerika, muri Sena bishura ibibazo.

Abategetsi bajejwe ibisata vy’umutekano muri Reta zunze ubumwe z’Amerika baragabisha ko abansi b’Amerika bashobora kugerageza guhungabanya amatora yimirije mu 2020.

Mw’itangazo bashikirije hamwe kuri uyu wa kabiri, abo bategetsi b’ibigo indwi bijejwe umutekano, birimwo ubushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe n’ibiro vy’inyamiramabi, FBI bakeka ibihugu vy'Uburusiya, Ubushinwa na Irani.

Ariko bavuga ko atavyemeza biragaragara bararonka muri iki gihe vyo kujuragiza imitima y’Abanyamerika bazotora.

Ku bwo abo bategetsi, naho Perezida Donald Trump agihakana, bavuga ko iperereza ry’Uburusiya ari ryo riri inyuma yo guhungabanya ama ordinateri y’abademokrate mu 2016 no kuvogera itumatumanako ryabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG