Uko wahagera

Mali Iragandarira Abayo 54 Bishwe n'Iterabwoba


Perezida wa Mali Ibrahim Boubacar Keita agenzura ahabereye igitero c'abitwaje inkoho i Ogossagou, Mali, kw'itariki 25/03/2019.
Perezida wa Mali Ibrahim Boubacar Keita agenzura ahabereye igitero c'abitwaje inkoho i Ogossagou, Mali, kw'itariki 25/03/2019.

Igihugu ca Mali kuva kuri uyu wa mbere catanguye kugandarira abantu 54 bishwe mu gitero ca gisirikare mu ndwi iheze.

Abanyagihugu bo mu karere kabereyemwo ico gitero bafise ubwoba bw’ubwicanyi bwiyongera, nayo abakurikiranira hafi ibiba muri Mali basaba igisirikare kwongereza igendereza no gukorana n’abanyagihugu.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu waremanze ko ari wo wakoze ico gitero.

Umutekano muke wariyongereye mu mezi aheze muri Mali no mu buraruko bwa Burkina Faso, aho abakora iterabwoba batera amashure kandi bagabisha abigisha kudatanga inyigisho zishingiye kuzo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG