Uko wahagera

Venezuela na El Salvador Birukanye Abadiplomate


Juan Guaido atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Venezuela, ari mu kiganiro n'abashingamateka i Caracas, kw'itariki 17/10/2019.

Igihugu ca El Salvador categetse ko abadiplomate ba Venezuela bava mu gihugu. Ni mu ntumbero yo kudashigikira ukuba ku butegetsi kwa Perezida Nicolas Maduro.

Reta ya Maduro nayo ibicishije ku mushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yaciye itangaza kuri uyu w’Imana ko umudiplomate wese wa El Salvador i Caracas ategetswe gutaha mu masaha 48.

El Salvador irongowe na Perezida Nayib Bukele, ni kimwe mu bihugu birenga 50 vyatangaje ko reta ya Maduro itemewe n’amategeko, bishigikiye Juan Guaido, yitangaje ko ari we perezida w’imfatakibanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG