Uko wahagera

ONU: Abantu 77 Bishwe muri Kongo mu Kwezi kw'Icenda


Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu muri Republika ya Demokarasi ya Kongo vyatangaje ko mu kwezi kw’icenda, inzego z’umutekano n’imirwi yitwaje ibirwanisho bishe urw’agashinyaguro abantu 77.

Muri abo 77 bishwe, 29 barimwo abapfasoni batandatu n’abana batatu bishwe n’abari mu nzego z’umutekano nkuko ivyo biro bibivuga. Bandi 48 basigaye begekwa ku mirwi yitwaje ibirwanisho irwanira mu buseruko bwa Kongo.

Mu cegeranyo ico gisata ca ONU casohoye uno munsi casiguye ko mu bishwe hari abishwe barinze gucibwa ibihimba vy’umubiri abandi nabo bagandaguzwa insoro.

Hambavu y’abishwe urw’agashinyaguro ONU yemanga ko muri ico kiringo nyene abapfasoni 34 bafashwe ku nguvu. Ni ibitigiri biri hejuru ugereranije n’ivy’amezi y’imbere y’ukw’icenda.

Republika ya Demokarasi ya Kongo haraheze imyaka 25 ivugwamwo imirwi yitwaje ibirwanisho yaba iyirwanya ubutegetsi bw’ico gihugu canke iy’irwanya ubutegetsi bw’ibihugu bihana imbibe.

Intwazangabo za Kongo, u Rwanda, Uburundi, Ouganda na Tanzaniya ziheruka guhurira mu nama mu mujyi wa Goma aho baganiye uburyo bwo gushira inguvu hamwe zigatuza imirwi yose yitwaje ibirwanisho iri muri Kongo

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG