Uko wahagera

Abantu 42 Barishwe n'Imvura muri Kameruni


Abatabara batwaye ikiziga c'uwasenyukiweko n'umusozi w'ivyondo i Bafoussam muri Kameruni, Itariki 29/10/2019.

Abantu bashika kuri 42 bapfuye inyuma y’aho amazu barimwo asenyuwe n’imisozi y'ivyondo vyatewe n’imvura nyinshi yaguye mw'ijoro ryo kuwa mbere rishira uwa kabiri mu burengero bwa Kameruni, mu gisagara ca Bafoussam. Vyashikirijwe n’ikinyamakuru ca reta kuri uyu wa kabiri.

Igisagara ca Bafouassam kiri ku birometero 185 mu buraruko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Yaoundé.

Perezida wa Kameruni Paul Biya yahojeje imiryango yabuze ababo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG