Uko wahagera

Rwanda: Ingabire Yiteguye Guhiganwa na Kagame muri 2024


Madame Ingabire Victoire Umuhoza ni we muyobozi w'ishyaka FDU-Inkingi mu Rwanda
Madame Ingabire Victoire Umuhoza ni we muyobozi w'ishyaka FDU-Inkingi mu Rwanda

Madame Victoire Ingabire atavuga rumwe n’ubutegetsi mu Rwanda amenyesha ko atazigera ahagarika umugambi wo gushinga umugambwe uzotanga abakandida mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2024.

Yabishikirije mu kiganiro yagiranye n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Ruud Elmendorp i Kigali mu Rwanda. Amenyesha ko afise abayoboke bakwiye ariko umugambwe wiwe utarigera wemererwa gukora.

Ingabire yaramaze imyaka umunani mw’ibohero inyuma y’aho yari ageragereje guhiganwa na Perezida Paul Kagame mu matora yo mu 2010.

Ingabire amenyesha ko yizeye ko umugambwe wiwe FDU-Inkingi uzokwemererwa ku gihe kugira azobashe guhangana na Perezida Kagame mu matora yo mu 2024.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG