Uko wahagera

CNARED Yagondojwe mu Kwemera Kwitabira Amatora mu Burundi


Urunani Cnared ruhurikiyemwo abatavuga rumwe rumwe na reta y’Uburundi biyemeje ko bazokwitabira amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2020 mu Burundi. Bemeje kandi ko bazotanga umukandida umwe azobaserukira mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Ivyo bavyemeranije inyuma y’inama yabahuje Kampala mu buganda kuva ku munsi wa gatanu italike 25 gushika kuri uyu wa mungu italike 27.

Onesime Nduwimana, umuvugizi w’urwo runani Cnared, yabwiye VOA ko intumbero nyamukuru kwari ukuraba ingene bokwisuganya bakitaba amatora yimirije mu gihugu bahunze bavamwo.

Kugira bazokwitabe ayo matora ni uko bazoba batahutse. Mu ntango z’uku kwezi, barungitse integuza mu gihugu Anicet Niyonkuru nyene, kugira aje kuraba ingene ibintu vyifashe n’ingene bagenzi we botahuka.

Abatari bake mu batanguje urwo runani Cnared baherutse kurutera akagere bashinga urundi rwabo bise CEFOR-Arusha. Nabo bavuga ko baharanira ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha. Yamara bobo bararahira bakarengwa ko batazokwitaba ayo matora. Bagiriza mbere abasigaye mu runani Cnared ko bashaka guhemuka kandi ko bashaka ibibanza muri reta izova mu matora yimirije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG