Uko wahagera

Perezida wa Bolivia Morales Arikeka Coup d'Etat


Abanywanyi ba perezida wa Bolivia Evo Morales mu myiyerekano i La Paz, Bolivia.
Abanywanyi ba perezida wa Bolivia Evo Morales mu myiyerekano i La Paz, Bolivia.

Perezida wa Bolivia Evo Morales yongeye gushikiriza ko ari we yatsinze amatora yo ku musi w’Imana. Ni mu gihe ibihumbi vy’abanyagihugu bari bihereje amabarara mu murwa mukuru, biranahagarika ibikorwa vyo guharura amajwi.

Morales yashikirije kuri uyu wa gatatu ko hari coup d'etat iriko irategurwa n’abo yise ibaba ry’i buryo rifashwa n’amakungu ariko ntiyavuze aho izo mfashanyo ziva.

Ibiharuro vy’imfatakibanza vyashikirijwe kuw’Imana vyavuze ko Morales na Carlos Mesa bahiganwa bashobora kwinjira mu gice ca kabiri c’amatora mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG