Uko wahagera

Reta y'Ubumwe Ntigishinzwe ku Gihe muri Sudani y'Ubumanuko


Perezida wa Sudani y'epfo Salva Kiir (iburyo) aramukanya n'uwumurwanya Riek Machar i Juba, kw'itariki ya 11/09/2019.
Perezida wa Sudani y'epfo Salva Kiir (iburyo) aramukanya n'uwumurwanya Riek Machar i Juba, kw'itariki ya 11/09/2019.

Umukuru w’abarwanya reta ya Sudani yo mu bumanuko, Riek Machar yashikirije ko yipfuza kwigizayo isango ry’ishingwa rya reta y’ubumwe, avuga ko kwihutisha ibintu bishobora gutera akaga mu gihugu.

Machar, yabitangaje kuri uyu w’Imana, mu rugendo yagize i Juba, kuganira n’uwo batavuga rumwe, perezida Salva Kiir. Yarabonanye kandi n’intumwa z’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw'isi gasanzwe kari mu gihugu. Ni mu gihe hasigaye indwi zitatu ngo ikiringo cemerenijwe co gushinga reta ihurikiyemwo bose kigere.

Ishingwa ry'iyo reta ryarigijwe imbere no mu kwezi kwa gatanu, inyuma y’aho habereye ukutumvikana kw’ishingwa ry’igisirikare ciyunze, hamwe no kudahuza ku mbibe zizogabura amareta y’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG