Uko wahagera

Isanganya Yahitanye Abanyamahanga 35 muri Arabiya Sawudite


Medina
Medina

Muri Arabiya Sawudite, abanyamahanga 35 barapfuye abandi bane barakomereka, igihe imodokari ya bus barimwo igonganiye n’iyindi modokari bavuga ko iremereye mu gisagara ceranda c’abayisilamu ca Medina, nkuko vyashikirijwe n’ikinyamakuru ca reta y'ico gihugu kuri uyu wa kane.

Iryo sanganya ryabaye ejo kuwa gatatu kandi abo bahasize ubuzima bari abarabu hamwe n’abo muri Aziya bari bagiye kugendera ibibanza vyerenda vy’abayisilamu.

Abakomeretse baciye bajanwa kuvurwa, kandi abategetsi bamaze gutanguza amatohoza ku cateye iryo sanganya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG