Uko wahagera

Abarwanya Iyindi Manda ya Perezida Barekuwe muri Gineya


Imyiyerekano ku murwa mukuru Conakry muri Gineya

Sentare muri Guinea yahagaritse kuri uyu wa gatatu urubanza ku ndongozi umunani zitavuga rumwe na reta.

Bagirizwa ko bagumuye abanyagihugu ngo biyamirize perezida Alpha Conde, mu gihe imyiyerekano yongeye ku murwa mukuru Conakry.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bashikiriza ko abantu bashika 10 bishwe mu misi itatu yabayemwo imidurumbanyo, aho abari mu myiyerekano bateye kubiri n’umugambi wa Conde wo guhindura ibwirizwa shingiro.

Abamunegura bavuga ko arondera kwitoreza manda ya gatatu.

Abo munani barongoye abatavuga rumwe na reta bahagaritswe ku musi wa gatandatu, bagirizwa guhamagarira abanywanyi babo kugarariza ubutegetsi kandi batabisabiye uruhusha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG