Uko wahagera

Ibihuhusi n'Imvura Vyahitanye Abarenga 35 mu Buyapani


Ivyononwe n'igihuhusi kivanze n'imvura cataziriwe Hagibis mu buseruko bwa Tokyo mu Buyapani. Isanamu yafashwe itariki 12/10/2019.
Ivyononwe n'igihuhusi kivanze n'imvura cataziriwe Hagibis mu buseruko bwa Tokyo mu Buyapani. Isanamu yafashwe itariki 12/10/2019.

Ibihumbi n’ibihumbi vy’abatabara kuva mu gaturuturu ko kuri uyu wa mbere bariko bararondera abantu baguweko n’ibibomoke vy’ubutaka mu Buyapani.

Vyatewe n’imvura nyinshi ivanze n’umuyaga imaze guhitana ubuzima kw’abantu barenga 35, nkuko bishikirizwa n’abategetsi n’ibinyamakuru.

Ico gihuhusi cataziriwe Hagibis cahitanye Amazu arenga 110,000 kuva ejo kuw’Imana nta muyagankuba yagira, abandi bacikiweko n’amazi.

Umushikiranganji wa mbere, Shinzo Abe yatumyeko inama y’abagize reta yihuta yongera arungika umushikiranganji ajejwe ibiza mu turere twasinzikaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG