Uko wahagera

Indege ya Ethiopian Airlines Yarusimvye i Dakar


Ethiopian Airlines

Indege ya kompanyi yo muri Etiyopiya, “Ethiopian Airlines” yasubiye mu buryo bwihuta gusubira ku kibuga c’indege c’i Dakar muri Senegal, inyuma y’aho imwe mu ma moteri yayo ihiriye.

Ingenzi zose 90 hamwe n’abakozi bayo bari muri yo ntaco babaye, nk'uko vyashikirijwe n’abategetsi bo kuri ico kibuga c’indege hamwe n’abo iyo kompanyi.

Iyo ndege yo mu bwoko bwa Boeing 767 yasubiye kugwa aho yari igihaguruka yerekeza i Addis Abeba.

Iri sanganya ry’i Dakar ribaye inyuma y’aho iyindi ndege ya Ethiopian Airlines yo mu bwoko bwa Boeing 737 MAX ikorokeye mu kwezi kwa gatatu imaze akanya igihaguruka ku kibuga c’indege i Addis Ababa, ihitana abantu bose 157 bari muri yo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG