Uko wahagera

ONU Yoba Ikehaniwe Amafaranga


Icicaro gikuru ca ONU i New York muri Reta zunze ubumwe z'Amerika

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rirakehaniwe amafaranga yo gukoresha angana imiliyoni 230 z’amadolari y’abanyamerika, nkuko vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru waryo, Antonio Guterres kuri uyu wa mbere. Mu gihe ayo mafaranga atoboneka, iryo shirahamwe nta mafaranga yo gukoresha rizoba rifise mu mpera z’uku kwezi kw’icumi.

Mu rwandiko ku bakozi 37,000 rwabonywe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, Guterres yashikirije ko hari intambuko atatomoye zikwiye gukorwa kugira abakozi bashobore kuzohembwa imishahara.

Mu ntango z’uyu mwaka, Guterres yasavye amareta ari muri ONU kwongereza intererano zayo, ariko ngo baranse, nkuko vyashikirijwe n’umutegetsi wa ONU atashimye ko izina ryiwe rija ahabona.

Amafaranga ONU yategekanije gukoresha mu mwaka wa 2018 -2019, hatarimwo ayagenewe ibikorwa vyo kubungabunga amahora kw’isi, angana n’imiliyaridi 5.4 z’amadolari, Reta zunze ubumwe z’Amerika yonyene itangamwo ibice 22 kw’ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG