Uko wahagera

Burundi: Niyonkuru Wabaye mu Buyobozi Bwa CNARED Yahungutse


Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP
Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP

Reta y'Uburundi irizeza abanyepolitike bahunze baronderwa n'ubutungane ko bashobora gutahuka kandi ntibashike batabwa muri yompi.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bujejwe itunganywa ry'imigambwe yabivuze kuri uyu wa mbere ahejeje kwakira abanywanyi babiri b'urunani CNARED ruhurikiyemwo abanyepolitike bahunze igihugu batashe mu mpera z'indwi iheze.

Anicet Niyonkuru, umunyambanga nshingwabikorwa muri CNARED ari muri abo yemeje ko yaje gutegura umuzo w'abandi banyepolitike bari hanze y'igihugu.

Niyonkuru yashitse ku kibuga mpuzamahanga citiriwe Melchior Ndadaye kiri i Bujumbura ku musi wa gatandatu.

Agishika nta banywanyi b’umugambwe wiwe canke abategetsi baje kumusanganira. Yakiriwe n’umukuru w’umugambwe FNL ucuditse n’ubutegetsi, Jacques Bigirimana. Abamenyeshamakuru bari bahari bavuze ko yaciye ajana n’umukuru wa FNL imuhira iwe.

Niyonkuru, arongoye umugambwe CDP ntiyatashe wenyene. Yatahanye n’uwitwa Mames Bansubiyeko ari mubashinze CNARED.

Uwo acururuka indege yavuze bike kukimutahanye. “ Ntashe nk’abandi Barundi bose, jewe sindi mubanyepolitike bahunze mu mwaka w’i 2015 ahubwo ndi impunzi yo muri 1993. Ntashe nk’uko uwundi murundi wese yotahuka mu gihugu.”

Umugambwe CDP wo usigura ko utamenyeshejwe itahuka ry’umukuru wawo. Umukuru wawo ari mu nzego nyobozi za CNARED, atahutse inyuma y’ibiganiro vyo mw’ibanga vyabaye hagati y’intumwa za Leta n’izo urwo runani. Ivya nyuma vyaheruka kubera i Nairobi muri Kenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG