Uko wahagera

Mali: Abasirikare Bishwe mu Gitero c'Intagondwa Bashitse kuri 38.


Ikiduga ca gisirikare caturiwe i Gao, mu buraruko bushira uburengero bwa Mali, ifoto yafashwe itariki 01/07/2018.

Ibitigiri vy’abasirikare ba reta ya Mali bishwe n’intagondwa zikora iterabwoba ku makambi abiri ya gisirikare hafi ya Burkina Faso vyaduze gushika kuri 38, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi kuri uyu wa kane.

Umushikiranganji Ibrahima Dahirou Dembele yahamagariye abanyagihugu kuguma biyunze.

Perezida wa Mali Boubakar Keita yategetse ko haba imisi itatu y’ikigandaro mu gihugu cose kuva kuri uyu wa kane.

Raporo ya gisirikare yabonywe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, ivuga ko kajugujugu zibiri hamwe n’ibiduga birenga cumi vya gisirikare vyaturiwe mu gitero cabereye mw’ikambi y’i Boulkessy.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG