Uko wahagera

U Rwanda Rwakiriye Abimukira 66 Bari Baragotewe muri Libiya


Impunzi z'Abanyafurika zakirwa ku kibuga mpuzamahanga cya Kigali
Impunzi z'Abanyafurika zakirwa ku kibuga mpuzamahanga cya Kigali

U Rwanda rwaraye rwakiye abantu 66 barondera ubuhungiro bari bapfungiwe mu gihugu ca Libiya. Uwo murwi ugizwe n’abava mu bihugu vya Sudani, Somaliya na Eritreya. Benshi muri bo bari abana, nk’uko vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi.

Bari mu murwi wa mbere w’abantu 500 bazorungikwa mu Rwanda hisunzwe amasezerano mashasha Leta y’u Rwanda rwagiranye n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ayo masezerano ajejwe gufasha kwakira abantu bapfungiwe muri Libiya igihe bariko bagerageza gushikira akarere k’i Bulaya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryararondeye ibibanza vy’ukwimuriramwo abo bantu. Bamwe muri bo barungitswe mu gihugu ca Nijeri muri kahise. Ni ibihugu bike gushika ubu vyemeye kubakira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG