Uko wahagera

Wang Yi: Ubushinwa Bwipfuza Kugura Ibidandazwa Vyinshi vy'Amerika


Umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire n'amahanga Wang Yi mu nama ya ONU ijejwe umutekano, kw'itariki 25/09/2019.
Umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire n'amahanga Wang Yi mu nama ya ONU ijejwe umutekano, kw'itariki 25/09/2019.

Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire n’amakungu yashikirije ko igihugu ciwe citeguye kugura ibidandazwa bihingurirwa muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, avuga ko impande zibiri ziriko zirerekana ubushake imbere y’ibindi biganiro bitegekanijwe. Wang Yi yabishikirije kuri uyu wa kane i New York.

Yashikirije ko Amerika iza yarakuye amatagisi ku bidandazwa vyinshi vy’Ubushinwa.

Ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru ku guhanahana ibidandazwa hagati y’Amerika n’Ubushinwa bitegekanijwe gusubira kuba mu kwezi kwa cumi itariki 13, inyuma y’aho ibihitiye ata mwimbu ushimishije vyatanze.

Mw’ijambo yashikirije mu nama ya ONU ku musi wa kabiri, Perezida Donald Trump yavuze ko agifise icizere ko impande zose uko ari zibiri zizoshika ku masezerano y’ubudandaji yungukira ivyo bihugu bibiri kandi bikagarukana umubano mwiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG