Uko wahagera

Abarongoye Imigambwe Baragiriza Abanywanyi ba CNL mu Burundi


Rwasa Agathon ni we arongoye umugambwe wa politike CNL.
Rwasa Agathon ni we arongoye umugambwe wa politike CNL.

Mu Burundi, bamwe mu barongoye imigambwe bagiriza umugambwe CNL ko abanywanyi bawo bafatanwa ibigwanisho, kandi ko ari na bo basotora abo mu yindi migambwe.

Mu nama y’abanyamigambwe na ba buramatari b’intara y’uno wa kane, bishimiye ko hari intambwe yatewe muri bino bihe vyo kwitegurira amatora.

Yamara, hari n’utubazo twagaragajwe. Buramatari w’intara ya Muyinga Aline Manirabaruta yavuze ko hakiri agahaze ku ruhande rw’umugambwe CNL iyo abawurongoye bagomba kugurura ingoro bakoreramwo.

Si we wenyine mu ndongozi z’umugambwe CNDD/FDD zamagana umugambwe CNL. Caliniya Mbarushimana ni buramatari w’intara ya Karusi, we yasiguye ko hari bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNL bagirizwa gutunga ibigwanisho. Akavuga ko abarongoye uwo mugambwe bagomba kubibazwa.

Simon Bizimungu umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNL, na we yakurikiye imirimo y’iyo nama, aho yiyamirije yivuye inyuma ibishikirizwa. Agasaba ko umunywayi wa CNL akoze amakosa yohanwa ku gatwe kiwe hisunzwe amategeko. Yasabye abashinzwe intwaro kuroherana.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yari ayoboye inama, ashima intambwe yatewe mu kiringo c’ukwezi bari bihaye kugira imishamirano y’abanyamigambwe ihagarare mu gihugu. Umushikiranganji Pascal Barandagiye agasaba abarongoye imigambwe kubandanya kwigisha amahoro abayoboke babo gushika ku mitumba.

Intara 6 kuri 18 zigize Uburundi ni zo zishimirwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati ko zateye intambwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG