Igitero c’indege ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Libiya cahitanye abarwanyi b’uwo muhari 11 ku musi wa kabiri, nkuko vyashikirijwe n’igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Igisirikare c’Amerika ku mugabane w’Afrika (AFRICOM) cashikirije ko ico gitero cabereye mu gisagara ca Murzuq mu bumanuko bushira uburengero bwa Libiya cakozwe bafatikanije na reta ya Libiya.
Umuyobozi w’ibikorwa vya gisirikare muri AFRICOM, William Gayler yashikirije ko ico gitero cakozwe kugira bice abo bakora iterabwoba kandi babime ububasha bwo kugaba ibitero ku basivile.
Amwe mu maraporo ashikiriza ko abarwanyi ba reta ya kiyisilamu bari hagati y’500 na 750 ari bo bariko barwanira muri Libiya, ariko abahinga bo bavuga ko barenga ivyo bitigiri.
Facebook Forum