Uko wahagera

Abepiskopi Katolika mu Burundi Bafise Impungenge Imbere y'Amatora


Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD.
Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD.

Abepiskopi katolika b’abarundi bavuga ko mu Burundi hategekanijwe ikiringo gihambaye mu mwaka uza aho umurundi wese abirekuriwe n’amategeko ahamagariwe kwitaba amatora kugira inzego zose zishobore gushirwaho hisunzwe ibwirizwa nshingiro kandi hubahirijwe ubwigenge buranga kiremwa muntu.

Abasenyeri katolika bamenyesha ko bafise ibitari bike bashima mu gihugu. Mugabo basigura ko hari utunenge tuboneka ata n’umwe yokwirengagiza, nkuko vyashikirijwe na Musenyeri Bonaventure Nahimana, arongoye diyoseze ya Rutana akaba n’icegera c’umukuru w’inama y'abepiskopi katolika b’i Burundi.

Ivyavuzwe vyose ntivyaguye neza umugambwe uri ku butegetsi. Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD yerekanye akababaro ari muri komine Mugongo Manga mu ntara ya Bujumbura kuri uyu wa gatandatu kubera iri tangazo.

Inkuru iramvuye, tuyiskirizwa n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi, Eloge Willy Kaneza

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:04 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG