Uko wahagera

Tuniziya mu Gice ca Kabiri c'Amatora y'Umukuru w'Igihugu


Umugabo yariko arasoma ikinyamakuru cerekana abakandida babiri bagaragaye kurusha andi mu gice ca mbere c'amatora muri Tuniziya
Umugabo yariko arasoma ikinyamakuru cerekana abakandida babiri bagaragaye kurusha andi mu gice ca mbere c'amatora muri Tuniziya

Umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora muri Tuniziya kuri uyu wa kabiri waratangaje ko abagabo babiri batamenyerewe muri politike bari imbere y'abandi mu gice ca mbere c’amatora y’umukuru w’igihugu.

Ibiharuro vya nyuma mu vyavuye muri ayo matora bishira umwigisha muri kaminuza Kais Saied hamwe n’umugwizatunga Nabil Karoui mu kibanza ca mbere n’ica kabiri, ku majwi arenga 18 kw’ijana kuri umwe, uwundi 16 kw’ijana y’abitabiriye ayo matora. Bagiye kuzosubira guhiganwa mu gice ca kabiri, mu matora ya mbere ya demokarasi atunganijwe muri Tuniziya.

Saied na Karoui bahuriye kuri kimwe c’uko bose ari basha mu kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, kandi ntibagaragaye cane mu bihe vy’imyiyamamazo.

Iki ni igice ca mbere c’amatora. Mu kwezi kwa cumi hazoca hakurikira amatora y’abashingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG