Uko wahagera

Umwigisha Kais Saied ari imbere mu matora ya Perezida muri Tuniziya


Abatora batonze umurongo ku biro by'itora mu nkengero z'umurwa mukuru Tunis.
Abatora batonze umurongo ku biro by'itora mu nkengero z'umurwa mukuru Tunis.

Ibiharuro vy’imfata kibanza mu gice ca mbere c’amatora y’umukuru w’igihugu muri Tuniziya vyerekana ko umwigisha wo muri za kaminuza atamenyerewe ku rubuga rwa politike, Kais Saied, ari imbere mu majwi.

Umurwi utunganya amatora muri Tuniziya uvuga ko ibiharuro umaze gutororokanya vyerekana ko Kais Saied w’imyaka 61 afise amajwi 19% y’abatoye, umugwizatunga Nabil Karoui ari mu gasho nawe akagira 14,9%.

Ibice 45% vy’abanyetuniziya bari bariyandikishije kuzotora ni bo bonyene batoye nk'uko umurwi utunganya amatora ubisigura. Ni ibiharuro biri hasi cane ugereranije n’ivy’abatoye mu 2014 aho abagera ku bice 64% vy’abiyandikishije ari bo batoye.

Kais Saied yanonosoye ivy’ibwirizwa nshingiro naho atazwi ku rubuga rwa politike aramenyerewe atumirwa mu biganiro vy’ibinyamakuru bitandukanye muri Tuniziya nk’uwutanga umuco mu vya politike. Afatwa nk’uwutagira agahonzi kubera ukwanka ibiturire.

Nabil Karoui w’imyaka 56 abarizwa mu mvuto kuva mu mpera z’ukwezi kwa munani yagirizwa ugutunga amafaranga atawuzi iyo akomoka n’amanyanga mu matagisi. Ku ruhande rwiwe, ukwamamara agukesha imyiyamamazo yakoreye mu turere tudateye imbere muri Tuniziya n’ugushigikirwa n’imwe mu mboneshakure yigenga ikomeye muri ico gihugu. Ni nawe yashinze iyo mboneshakure yitwa “Nessma”.

Ari nka hamwe amajwi umugwizatunga Nabil yaronse mu gice ca mbere c’amatora yatuganijwe kuri uno wa Mungu yokwemezwa burundu akiri mu mvuto, Tuniziya yoba yanditse amateka ata handi yari bwakaboneke kw’isi.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Tuniziya wabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ko mu gihe ubutungane butoba buracira urubanza Nabil hagati y’igice ca mbere n’ica kabiri c’ayo matora ata cobuza ko amajwi yaronse yemezwa.

Adil Brinsi aramutswa uwo murwi asigura ko amategeko ya Tuniziya yerekana igikorwa mu gihe umukandida yitavye Imana yari yaronse amajwi menshi ariko ata ngingo n’imwe ivuga umukenyuro ufatwa iyo umukandida yegukanye ikibanza ca mbere canke ica kabiri ari mu munyororo.

Ubutungane bukaramuka ariko buciriye urubanza umugwizatunga Nabil Karoui imbere y’uko igice ca kabiri c’amatora gitunganywa igenekerezo rya 6 ukwezi kuza kwa cumi, umurwi ujejwe gutunganya amatora utomora ko uzomwihoza ikibanza ciwe kikajamwo uwari ku mwanya wa gatatu.

Muri rusangi abakandida bemererwe kwiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu muri Tuniziya ariko atunganywa mu bukene butagira izina n’ubushomeri ni 26 kw'ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG