Uko wahagera

RDC: Abantu 36 Ntibaratorwa Inyuma y'Isanganya y'Ubwato


Abantu barenze urugero bari mu bwato bwunguruza abantu mu mazi, buvuye i Kinshasha kwerekeza mu ntara ya Bandundu, kw'itariki 09/05/2000

Mu gihugu ca Kongo, abapolisi batangaje ko abantu 36 bataratorwa inyuma y’aho ubwato barimwo buzamiye ku nkengera yo ku murwa mukuru Kinshasa.

Igipolisi ejo ku musi wa mungu caratangaje ko abantu 76 barokowe, inyuma y’aho iryo sanganya ry’ubwato ribereye hafi y’agasagara kitwa Mambutuka. Aho ni ku birometero 80 vya Kinshasa. Ubwo bwato bwari buvuye mu gisagara ca Malimambi mu ntara ya Mai-Ndombe, bugiye i Kinshasa.

Gushika ubu, icatumye iryo sanganya riba ntikiramenyekana. Yamara ubwato butwara abantu n’ibintu mu gihugu ca Kongo mu bisanzwe bwama butwara abantu n’ibintu birenze urugero, kandi abantu bose, ntibaba banditswe ku rupapuro rw’urutonde rw’abantu bari mu bwato.

Gutwara abantu barenze urugero ni kimwe mu bintu bishobora gutuma ubwato buzama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG