Uko wahagera

Amerika na Irani Bishobora Gutana mu Mitwe


Saudi Arabia attack
Saudi Arabia attack

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ashikiriza ko Amerika imeze magabo kugira yishure ku bitero vyagabwe ku bibanza vya Arabiya Sawudite bihingurirwamwo ibitoro.

Perezida Donald Trump, mu butumwa yashikirije ku rubuga rwa Twitter kuri uyu w’Imana, yagize ati "Nta mpamvu yotuma tugira amakenga kuwagirizwa ivyo bitero. Yongera avuga ko arindiriye Arabiya Sawudite kudomako urutoke abo yizeye ko bari inyuma y’ico gitero hamwe n’ “umukenyuro twokoresha mu kwihora ".

Mu gatondo ko kuri uyu w’Imana, umutegetsi akomeye w’Amerika yashikirije ko ata makenga Irani ari yo iri inyuma y’ico gitero ca drone ku mahinguriro y’ibitoro ya Arabiya Sawudite.

Irani ivuga ko ivyo vyagiriji vya Amerika ari ibinyoma vyo ku rwego rwo hejuru.

Indege zo mu bwoko bwa drone zarateye amahinguriro y’ibitoro ya Arabiya Sawudite y’ahitwa Khurais mu bucagucagu bwo kuwa gatandatu, bisiga imiriro hamwe n’imyotsi myinshi yabonwe n’ibigendajuru vya satelite.

Arabiya Sawudite ivuga ko atawapfuye canke ngo akomeretswe n’ivyo bitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG