Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yongeye gushikiriza ko ashobora kugabanya ibihano yafatiye Irani, mu gihe umukuru waco Hassan Rouhani yokwemera kwicarana n’Amerika ku meza y’ibiganiro.
Trump yabibwiye abanyamakuru ari ku kirimba ciwe Maison Blanche kuri uyu wa gatatu, yemeza ko Irani kiri mu bibazo vy’ubutunzi ku bw’ivyo bihano.
Trump yongeyeko ko Amerika itariko irarondera guhindura ubutegetsi muri Irani kandi ko ico gihugu gifise ibikomeye vyo kugiteza imbere.
Abishikirije haheze imisi ibiri asezereye mu mabanga umuhanuzi wiwe mu vy’umutekano mu gihugu John Bolton, yari ateye kubiri n’ibiganiro hagati y’Amerika na Irani.
Perezida wa Irani Rouhani yarahakanye ko adashobora kuganira na Trump mu gihe ibihano bikiriho.
Facebook Forum