Uko wahagera

ONU Ihamagarira Reta y'Afuganistani Kuganira n'Abatalibani


Intumwa z'Abatalibani ku musi wa kabiri w'ibiganiro muri Qatari, Doha, Iratiki 08/07/2019.
Intumwa z'Abatalibani ku musi wa kabiri w'ibiganiro muri Qatari, Doha, Iratiki 08/07/2019.

Mu gihe ibiganiro hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika n’abatalibani vyahagaze mu ndwi iheze, intumwa ya ONU muri Afuganistani ihamagarira ko haca hatunganwa ibiganiro hagati y’abanyafuganistani vyo gutorera umuti intambara igira ikwize imyaka 20.

Iyo ntumwa ya ONU, Tadamichi Yamamoto yabibwiye inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano ejo kuwa kabiri. Yavuze ko ari nkenerwa ko Reta ya Afuganistani yicarana n’Abatalibani ku meza y’ibiganiro.

Mu ntango z’iyi ndwi, perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yahisemwo guhagarika ibiganiro intumwa yiwe idasanzwe Zalmay Khalilzad yari amazemwo hafi umwaka aganira n’Abatalibani. Inyuma y’aho, abatalibani biciye abantu 12, barimwo umusirikare w’Amerika, mu gitero cabereye ku murwa mukuru, Kabul.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG