Uko wahagera

Ali Bongo Yoba Yasubiye Kwisuzumisha Londres


Perezida wa Gabon Ali Bongo Ondimba mu nama y'ubumwe bw'Afrika kw'ihindagurika ry'ibihe, Addis Ababa, Ethiopia, itariki 29/01/2018.
Perezida wa Gabon Ali Bongo Ondimba mu nama y'ubumwe bw'Afrika kw'ihindagurika ry'ibihe, Addis Ababa, Ethiopia, itariki 29/01/2018.

Perezida wa Gabon Ali Bongo Ondimba ari kwisuzumisha i Londres mu rugendo rw’umuryango. Vyashikirijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kuri uyu wa mbere, binahakana ko amagara yoba amukitse inyuma hafi umwaka agaragaye ko aviriranye mu mutwe.

Amagara ya Bongo yamye adashirwa ahabona, mu gihe uwo mukuru w’igihugu wa Gabon yabonetse gake ndetse avuga amajambo make kuva atahutse mu kwezi kwa gatatu inyuma yo kwivuza mu mahanga.

Uwo mutegetsi w’imyaka 60 y’amavuko yasuzumwe kuvirirana mu mutwe mu kwezi kwa cumi, igihe yaja kwisuzumisha muri Arabiya Sawudite.

Ibiro vya perezida muri Gabon vyashikirije ko perezida akiramutwsa amabanga y’igihugu kandi ashobora gutahuka vuba.

Reta ya Gabon yarahakanye amakuru yashikirijwe n’ikinyamakuru Bloomberg, cavuze ko amakuru cahawe n’abari hafi ya Bongo ko ari mu bitaro i Londres aho amagara amukitse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG