Uko wahagera

Amerika Yiyemeje Kubandanya Gushigikira Ukraine


Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskiy, ibibamfu, na visi perezida w'Amerika Mike Pence, mu mubonano i Varsovie, Pologne, itariki 1/09/2019.
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskiy, ibibamfu, na visi perezida w'Amerika Mike Pence, mu mubonano i Varsovie, Pologne, itariki 1/09/2019.

Icegera c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Mike Pence yashikirije ko Amerika izobandanya gushigikira Ukraine mu ntambara ico gihugu kirimwo n’Uburusiya hamwe n’ukubahiriza imbibe zaco.

Pence yabishikirije ejo ku musi w’Imana, inyuma y’umubonano yagiranye na perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskiy i Varsovie muri Pologne.

Reta zunze ubumwe z’Amerika ni igihugu gicuditse cane na Ukraine, carafatiye ibihano Uburusiya inyuma y’aho bwigaruriye izinga rya Crimea mu 2014 kandi gishigikiye abiyonkoye ku Burusiya mu buseruko bwa Ukraine.

Pence na Zelenskiy bari Varsovie kwibuka imyaka 80 irangiye hatanguye intambara ya kabiri y’isi.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG