Uko wahagera

Croix Rouge: Abarenga 100 Barishwe n'Ibitero vy'Indege muri Yemeni


Ikigo abahouti bo muri Yemeni bapfungiramwo abantu, inyuma yuko giterwa na Arabiya Sawudite. Itariki 1/09/2019
Ikigo abahouti bo muri Yemeni bapfungiramwo abantu, inyuma yuko giterwa na Arabiya Sawudite. Itariki 1/09/2019

Ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare kw’isi, Croix Rouge rishikiriza ko abantu barenga 100 bishwe inyuma y’aho urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya Sawudite rugabiye igitero c’indege ku kigo gipfungiwemwo abantu mu bumanuko bushira uburengero bwa Yemeni.

Croix Rouge ishikiriza ko abakozi bayo bariko barakora barondera aboba bagihema bari mu bibomoke vy’inzu.

Urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya Sawudite rwashikirije ko rwateye ico kigo c’ahitwa Dhamar, bavuga ko hari habitswe indege za drone na misile, kandi ko hakozwe ibishoboka vyose kugira abasivile bakingirwe.

Umuvugizi w’abarwanya reta ya Yemeni yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Associated Press rifise icicaro muri Amerika ko abasirikare ba reta 170 bari muri ico kigo.

Mu myaka itanu irenga abarobeli b’abahuti barwana n’urunani rurongowe na Arabiya Sawudite rufasha reta ya Yemeni, abasivile baharurwa mu bihumbi baramaze kwicwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG