Uko wahagera

Dawda Jawara Yahoze Arongoye Gambiya Yapfubanwe Iteka


Isandugu ririmwo Dawda Jawara, mu birori vyo kumuherekeza ubwa nyuma, mu nama nshingamateka ya Gambiya i Banjul, kw'itariki 29/08/2019.
Isandugu ririmwo Dawda Jawara, mu birori vyo kumuherekeza ubwa nyuma, mu nama nshingamateka ya Gambiya i Banjul, kw'itariki 29/08/2019.

Perezida wa mbere yatwaye Gambiya inyuma yo kwikukira kw'ico gihugu ku ntwaro y’Ubwongereza mu 1965, Dawda Jawara, yapfubwe ejo kuwa kane i Banjul, ku murwa mukuru.

Dawda Jawara, yapfuye kuwa kabiri afise imyaka 95, yatwaye ico gihugu co mu burengero bwa Afirika kikironka intahe yo kwikukira gushika mu 1994 akuwe ku butegetsi n’abasirikare bari barongowe na Yahya Jammeh nawe yatwaye ico gihugu imyaka 22.

Jawara Yaciye ahungira mu Bwongereza aho yabaye n’umuryango wiwe gushika mu 2002, igihe yatahuka inyuma y’aho Perezida Yahya Jammeh amwemereye gutahuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG