Uko wahagera

Brezil Yemeye Imfashanyo Mpuzamakungu zo Kuzimya Amazone


Ishamba rya Amazoni ririko rirasha, mu gihe ibihugu vya G7 vyatororokanije imfashanyo yo gufasha.
Ishamba rya Amazoni ririko rirasha, mu gihe ibihugu vya G7 vyatororokanije imfashanyo yo gufasha.

Perezida wa Bresil Jair Bolsonaro aremera kwakira imfashanyo z’abanyamahanga zo kurwanya imiriro mw’ishamba rya Amazone, ariko gusa mu gihe igihugu ciwe cemerewe kwikoreshereza ayo mafaranga, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi wiwe kuri uyu wa kabiri.

Ba Buramatari b’amareta atari make muri Amazoni babwiye Bolsonaro mu nama kuri uyu wa kabiri ko imfashanyo y’amakungu ari nkenerwa kugira bahagarike uwo muriro.

Uwo mutegetsi wo hejuru wa Bresil ku musi wa mbere yari yaranse imfashanyo y’imiliyoni 20 z’amadolari yemewe n’ibihugu vya G7 yo kurwanya iyo miriro muri Brezil na Bolivia, mu kuvuga ko perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron akwiye kuraba ivyo mu nzu yiwe n’abakoloni biwe.

Bolsonaro avugwa ko atitwararika ibidukikije, amaze igihe anebagurwa n’abo mu gihugu ciwe ku buryo ateba kugira ico akoze kur’iyo miriro kandi ibihumbi vy’abanyagihugu mu misi iheze baragize imyiyerekano yerekeye iyo miriro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG