Uko wahagera

Hoba Hari Icizere c'Ibiganiro Hagati y'Amerika na Irani?


Perezida Trump na Hassan-Rouhani
Perezida Trump na Hassan-Rouhani

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yashikirije ejo kuwa mbere ko hari amahirwe ko ashobora kuzobonana na perezida wa Irani Hassan Rouhani mu ndwi ziri imbere kugira bagerageze kuganira ku masezerano mashasha ya Nikleyeli azosubirira ayo mu 2015 Trump yavuyemwo mu mwaka uheze.

Trump, yabishikirije barangije inama y’abakuru b’igihugu bitunze kuruta ibindi kw’isi G7 yariko ibera mu Bufaransa, avuga ko yibaza ko Irani igiye gushaka kubonana.

Perezida w’Ubufaransa yamye agerageza kurondera uko Amerika na Irani boganira. Mu kiganiro ari kumwe na Trump n’abamenyeshamakuru, Macron yavuze ko yaganiriye na Rouhani kandi ko uwo mutegetsi wa Irani yiteze kuganira na Trump.

Macron yemeza ko mu gihe abo bategetsi boganira bashobora kugira ico bashitseko.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika, Luke Coffey, umushakashatsi kuri poritike mpuzamakungu mu kigo Heritage Foundation kiri i Washington, yashikirije ko kubona Trump yuguruye kuganira na Rouhani vyerekana ko uwo mubonano ushobora kuzoba mu mezi ari imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG