Uko wahagera

Nijeriya Iratahukana Abayo Bakoreshwa Ibikorwa Bigayitse mu Burayi


Umukenyezi wa Nijeriya

Igihugu ca Nijeriya kiriko kiratahukana no gusubiza mu babo no mu vyabo abagore bakoreshwa ibikorwa biruhije hamwe n’ubusambanyi, batwawe mu Buraya bazi ngo bazoharonkera ubuzi buhemba neza.

Ibihumbi vy’abagore b’abanyenijeriya nibo batwawe mu burayi badandajwe mu myaka iheze, abagize amahirwe bariko baratahukanwa mu gihugu cabibarutse.

Abarenga 11,000 muri bo bariko bakoreshwa nk’abaja mu bikorwa vy'ubusambanyi mu Butaliyano gusa, nkuko bishikirizwa na Beatrice w’imyaka 35, umwe mu bashoboye gutahukanwa yaganiriye n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Abuja, Timothy Obiezu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishikiriza ko abagore bagize ica kabiri c’ibihumbi vy’Abanyafurika batwarwa kugurishwa no gukoreshwa ivyo bikorwa ku mugabane wa Buraya buri mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG