Uko wahagera

Intumwa ya Irani Yashitse mu Nama ya G7 Atari Yitezwe


Indege ya Irani iboneka ku kibuga c'indege c'i Biarritz, mu Bufaransa, Kw'itariki 25/08/2019.
Indege ya Irani iboneka ku kibuga c'indege c'i Biarritz, mu Bufaransa, Kw'itariki 25/08/2019.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif, kuri uyu w’Imana yinjiye mu nama iriko irahuza abakuru b’ibihugu ndwi bitunze vya G7, ariko ntiyabonanye n’abategetsi b’Amerika muri urwo rugendo rugufi.

Ugushika kwa Zarif i Biarritz muri iyo nama, aho Perezida Trump yariko abonanira n’abandi bakuru b’ibihugu bitandatu, kwabaye bitari vyitezwe. Abajijwe ico abivugako, Trump yashikirije ko ataco afise avuga.

Macron yari yarabonanye na Zarif ku musi wa gatanu i Paris imbere y’uko iyo nama itangura, mu nyuma amutumira muri iyo nama hamwe n’abakuru b’ibihugu ku kibazo ca Irani ku musi wa gatandatu.

Macron yamye arondera ingene yorokora amasezerano mpuzamakungu kuri Nikleyeli ya Irani yasinywe mu mwaka wa 2015, ariko Trump yagirije perezida w’Ubufaransa kuba ariko arahenda Irani ko hashobora kuba ibiganiro na Washington.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG