Uko wahagera

Intambara y'Ubucuruzi Hagati ya USA n'Ubushinwa Irakomeje


Igihugu c’Ubushinwa cadugije amatagisi mashasha ku bibandazwa bivuye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika vy’agaciro k’imiliyaridi 75 y’amadolari.

Ni mu ntumbero y’ukwishira ku mugambi wa Prezida, Donald Trump w’ukuduza amatagisi kw’italiki imwe y‘ukwezi kw’icenda ku bidandazwa bivuye mu Bushinwa vy’agaciro k’imiliyaridi 300 y’amadolari.

Ivyo vyongereje intambara y’ubudandaji hagati y’Ubushinwa na Amerika, ibihugu bibiri bikomeye cane kurusha ibindi vyo kw’isi mu bijanye n’ubutunzi.

Ubushikiranganji bujejwe ubudandaji bw’iigihugu c’Ubushinwa bwatangaje ko buzongereza amatagisi ku bidandazwa bivuye muri Amerika ku rugero rw’ibice bitanu canke ibice 10 kw’ijana ku bwoko bw’ibidandazwa bivuye muri Amerika, harimwo ibidandazwa bivuye mu burimyi, ibitoro bidahinguye, indege ntoyi n’imodoka.

Amatagisi kuri bimwe mu bidandazwa bivuye muri Amerika azotangura gushirwa mu bikorwa kw’italiki 1 y’ukwezi kw’icenda, mu gihe azoshirwa mu ngiro ku bindi bidandazwa mu kwezi kw’icumi na kabiri.

Umutegetsi umwe wo muri Reta ya Prezida Trump avuga ko Amerika n’Ubushinwa bifise imigambi y’ukugirana ibiganiro vyerekeye ubudandaji amaso mu yandi mu kwezi kuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG