Uko wahagera

Canada Ntishigikiye ko Uburusiya Bwakirwa muri G 7


Chrystia Freeland, umushikiranganji wa Canada ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu.

Igihugu ca Canada giteye kubiri n’uko Uburusiya busubira mu mugwi w’ibihugu vya G-8 kiretse buvuye muri Ukraine. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Canada w’imigenderanire n’amakungu, Chrystia Freeland kuri uyu wa kane. Yahakanye icipfuzo cashikirijwe na perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump co gusubira kwakira Uburusiya muri uyo muryango.

Inama y’ibihugu vya G-7 itegekanijwe mu mpera z’iyi ndwi mu Bufaransa.

Uburusiya bwinjiye muri uyo muryango w’ibihugu bitunze mu 1997. Bwakuwemwo inyuma y’aho bwigaruriye intara ya Crimea ya Ukraine mu 2014.

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yagirijwe kwica abatavuga rumwe na we mu Bwongereza n’ahandi mu Burayi, hamwe no kugerageza guhungabanya amatora yo mu 2016 muri Amerika yashikanye Trump ku butegetsi ibitari vyitezwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG