Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yipfuza ko ikibazo c’imiriro iriko iratongora amashamba ya Amazone muri Bresil kiba ica mbere kiganirwako mu nama y’ibihugu ndwi bitunze kuruta ibindi kw’isi G7 izobera mu Bufaransa.
Macron kuri uyu wa kane, akoresheje ubutumwa bwa Twitter yagize ati: "Inzu yacu iriko irasha”. Yongeye ati "Ishamba rizana imvura, amahaha atanga 20 kw’ijana y’impwemu z’isi yacu ririko ryaka umuriro. Ni akaga ko ku rwego rw’amakungu.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres avuga ko bimuteye impungenge kandi asaba amakungu kugira ico akora cihuta co gukingira Amazone.
Abajejwe gukingira ibidukikije mur’ico gihugu bata ishavu kuri perezida wa Brezil Jair Bolsonaro, bavuga ko yarekuriye abarimyi hamwe n’abandi baraturira ubwo butaka yitwaje iterambere n’Ubworozi.
Bolsonaro nawe yagiriza amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike kuba yaratakaje amafaranga, aca atangura guturira ayo mashamba mu ntumbero yo kumukura ku butegetsi.
Facebook Forum