Uko wahagera

Kuki Amerika Yipfuza ko Uburusiya Busubizwa muri G7?


Abakuru b'ibihugu bigize G7
Abakuru b'ibihugu bigize G7

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yashikirije ejo kuwa gatatu ko yipfuza ko Uburusiya bugaruka mu mugwi w’ibihugu indwi bitunze kuruta ibindi kw’isi, naho ico gihugu kikigenzura izinga rya Crimea canyaze Ukraine.

Uburusiya bwakuwe muri uwo muryango mu mwaka wa 2014 igihe bwigarurira iryo zinga.

Mu gihe abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa G7 mu mpera z’iyi ndwi bazohurira mu gisagara ca Biarritz mu Bufaransa, mu nama ibahuza buri mwaka, Trump yashikirije ko vyoba vyiza perezida Vladimir Putin yongeye kuyibamwo.

Ntibiramenyekana ko ibindi bihugu muri uyo muryango bishigikiye ko Uburusiya busubira muri uyo muryango, kugira bisubire ku gitigiri c’umunani.

Ibihugu vya G-7 bigizwe na Canada, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani, Ubwongereza na Reta zunze ubumwe z’Amerika. Ubushinwa ni igihugu ca kabiri gitunze kw’isi, inyuma y’Ameriia ariko ntikiri muri G-7. Uburusiya bugira 12 mu bihugu bitunze cane kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG